Umuryango w’ubumwe bwa Afrika ushobora gufatira igihugu cya Sudani ibihano

862
Abari mu myiyerekano barabandanya kwugariza ibiro bikuru vya gisirikare vya Sudani ku mugwa mukuru Khartoum

Ibiro ntaramakuru Reuters biravuga ko umuryango w’Ubumwe bwa Afrika (AU )uvuga ko “ubabajwe cyane” n’ukubona abategetsi ba gisirikare mu gihugu cya Sudani batarashyikiriza ubutegetsi abasivire.

Ni nyuma yaho  Perezida Omar al-Bashir akuriwe ku butegetsi, hashize ibyumweru bitatu,inama nkuru y’umutekano  yuyu mu ryango yahaye iminsi 15 abasirikare bari bafashe ubutegetsi kugira ngo babe babushyikirije abasivire.

Iki cyemezo cyikaba gifashwe kandi nyuma yuko n’ubundi tariki ya 24 Mata uyu muryango wari wahaye amezi atatu abafashe ubutegetsi,hakaba hashize iminsi 60 abasirikare bafashe ubutegetsi bavugagako bagiye kubuha abasivire,AFP yo itangazako mu gihe bitagenda nkuko AU yabitegetse Sudan izahita ikurwa muri uyu mu ryango.

Izindi nkuru wasoma Izindi nkuru zuyu mwanditsi

Subiza hano

Email yanyu ntaho izigera igiragazwa