OMS irasaba ubufatanye mpuzamahanga ku gusaranganya ukingo rwa COVI-19

7,866

Umuyobozi w’ishami ry’umuryango w’abibumbye ryita Ku buzima(OMS/WHO) Tedros Adhanom Ghebreyesus, ejo ku cyumweru  yasabye ko haba ubufatanye  ku rwego mpuzamahanga igihe urukingo  rwa Covid-19 ruzaba rubonetse, akaba avuze ibi mu gihe imibare y’abandura  yongeye kuza ku isi.

Mu ijambo ryo gufungura  inama y’imisi itatu ya OMS i Berlin mu Budage, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko inzira yonyine yo kurwanya iki kiza ari ugukorera hamwe no kumenya ko ibihugu bikenye bishobora kubona urukingo.

Yavuze ko kwikubira urukingo rwa Covid-19  mu gihugu kimwe cyangwa ikindi bizatuma  Covid-19 ikomeza kugorana.

Umuryango w’ubumwe  bw’Uburayi, Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Ubuyapani hamwe n’ibindi bihugu byamaze gutanga amafaranga y’inkingo ku nganda ziri gukora urwo rukingo, gusa amakenga ni yose ku bihugu bifite ubushobozi buke bishobora kwirengagizwa.

Kugeza ubu imibare ya Kaminuza ya John Hopkins yo muri Amerika, igaragaza ko abantu barenga miliyoni 42 ,876,000 bamaze kwandura Covid-19 ku isi, mu gihe abarenga miliyoni 1,152, bamaze guhitanwa n’iki cyorezo.

Leave A Reply

Your email address will not be published.